Ahavuye isanamu, AFP
Ubwongereza bwaronse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe c'isi mu bagore inyuma yo gutsina Nigeria ku mapenalite (4-2) n'aho umukinyi wabo Lauren james yari yahawe ikarata itukura.
Georgia Stanway yatsinze penilte ya mbere ariko Nigeria inanirwa kwinjiza penalite zibiri zikurikirana, bituma uwo mugwi ufise igikombe ca Buraya uronka uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma, inyuma y'aho Chloe Kelly yinjirije igitego c'intsinzi.
N'ishavu ryinshi James yahonyoye Michelle Alonzie ku munota wa 87 inyuma yo gutakaza umupira, ubwo nyene aca ahabwa ikarata itukura, inyuma yo kugenzura neza uko vyagenze kuri Video.
Ubwongereza ntibworohewe ariko mu rukino rukurikira buzohura na Colombia canke Jamaïque isaha 11h30 BST
Rwari urukino rutoroshe ku bakunzi b'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza mu gisagara ca Brisbane mu minota 120 urukino rwamaze uri ku mangetengete, kandiurushwa na Nigeria.
Ikosa rya James ryasiguye ko Ubwongereza bwategerezwa gukina umwanya w'agasunuzo ari 10, Nigeria na yo ica ihatorera akoyoko inyuma y'ikurwa mu rukino ry'uwo mukinyi wa Chelsea.
Uwo mugwi wa Nigeria umaze gutwara igikombe ca Afrika incuro icenda washize mu bikorwa integuro yawo y'urukino, ubera ibamba Ubwongereza, gushika hagati mu rukino babatera ingorane mbere barabarusha cane kugumya umupira.
Gushika umwanya w'urukino urangire, Ubwongereza bwananiwe kwinjiza, bunanirwa gukora ivyo bwerekanye ku rukino bwabuhuje n'Ubushinwa.
Amasaha 24 imbere y'aho, Reta zunze Ubumwe za Amerika zimaze gutwara ico gikombe zikurikiranya zatsinzwe, Ubwongereza bwategereje kwihagararako mu gustinda urukino rutari rworoshe.
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi