Bihagaze gute gushika ubu mu gikombe c'isi yose c'abagore? – BBC

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu rukino rwo kuri uno wa gatatu, Zambia yatsinzwe na Espagne 5-0
Imirwi nserukiragihugu ya Afrika yose iri mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ry’abagore ribera muri Nouvelle-Zélande na Australia ntihagaze neza, aho gushika ubu ata n’umwe urashobora gutsinda urukino na rumwe.
Mu mirwi ya Nigeria, Afrika y’Epfo, Maroc na Zambia yaserukiye uno mugabane muri iri higanwa ririko rihuza imirwi 32, umurwi wonyene witwa ko winanase ni Nigeria ifise inota rimwe yaronse mu rukino rwa mbere rwayihuje na Canada ku wa 21 Mukakaro (7) rukaba rwarangiye ari 0-0.
Muri izi nkino za mbere, Zambia yatsinzwe n’Ubuyapani 5-0, Afrika y’Epfo intsindwa na Suède 2-1 kandi ari yo yatanguye kwinjiza, nayo Maroc, igihugu cari cinjiye muri iri higanwa ku ncuro ya mbere, ikaba yanyagiwe n’Ubudagi 6-0.
Inyuma y’urukino rugira kabiri rwa Zambia ruhejeje kurangira mu murwi C, mu minota 15 ya mbere Espagne yari imaze gukubita Zambia ibitsindo bibiri. Rwagiye kurangira ikubiswe bitanu ku busa (5-0), mbere Maroc ikaba iciye isezera ihiganwa ifise ideni ry’ibitsindo cumi vyose gushika ubu, mu gihe igisigaje urukino rwa nyuma na Costa Rica, nayo nyene yamaze gusezera, urwo rukazoba ari urwo guheza ibwirizwa.
Mu rukino rwa kabiri rw’ejo ku wa kane, Nigeria izohura na Australia ifise amanota atatu kandi ikaba ari yo iri imbere mu murwi B. Ari nka hamwe yoramuka irutsinze yoba yiyongerereje amahirwe yo kubandanya mu gice c’umunani gishira ica nyuma.
Ku wa gatanu, Afrika y’Epfo izotana mu mitwe na Argentina nayo nyene ifise ubusa inyuma yo gutsindwa igitsindo kimwe mu rukino rwa mbere rwayihuje n’Ubutaliyano.
Urukino rwa kabiri rwa Maroc rworwo rutegekanijwe ku wa Mungu itariki 30 z’uku kw’indwi aho izohura na Korea y’Epfo nayo nyene ifise ubusa mu murwi H, inyuma yo gutsindwa na Colombia 2-0 mu rukino rwa mbere.
Muri uru rukino rw’uno musi mu murwi C, Ubuyapani na Espagne bimaze kuronka uburenganzira bwo kuja mu gice c’umunani gishira ica nyuma inyuma yo gutsinda inkino zibiri zompi bimaze gukina, bikaba vyasezereye Zambia na Costa Rica.
Mu murwi A, n’aho Ubuswisi buri kw’isonga n’amanota ane inyuma yo gutsinda urukino rwa mbere, ikanganya na Norvege mu rukino rwa kabiri, ibintu ntibiradadanuka. Bizovana n’ingene inikino zizogenda ku musi ugira gatatu hagati ya Norvège na Philippines, be n’Ubuswisi na Nouvelle-Zélande, buri gihugu kikaba gifise amahirwe yo kubandanya bivanye n’ingene inkino zizogenda.
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi

source

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back To Top