FIFA: Imihigo 4 abagore barushije abagabo mu gikombe c'isi c'umupira w'amaguru – BBC

Ahavuye isanamu, NAOMI BAKER-FIFA
Formiga yitavye inkino z'isi indwi, umuhigo haba mu bagabo canke mu bagore
N'aho iryo higanwa risa n'uko ari irya vuba cane – irya mbere ryabaye mu 1991 mu Bushinwa – inkino z'igikombe c'isi mu bagore zisigaye zikunzwe cane kw'isi.
Kubera iryo higanwa abakinyi b'abigeme baraca imihigo bagakora n'ibitangaza vyandikwa muri kahise ka sport.
Kuba Reta zunze Ubumwe za Amerika (USA) iza kw'isonga n'ibikombe bine vy'isi, itera imbere ry'imigwi yo muri Asia (Ubuyapani bwaratwaye igikombe c'isi bwongera buba n'ubwa kabiri, Ubushinwa bwarabaye ubwa kabiri mu 1999) hamwe n'ubushobozi bw'imigwi ya Buraya uhereye ku bihugu vyo mu buraruko n'Ubwongereza ni vyo bimaze kwigaragaza muri iryo higanwa.
Birumvikana ko haca haba ukugereranya n'igikombe c'isi c'abagabo, ariko ubiravye, n'ihiganwa ry'abagore rirateye imbere, mbere kurusha n'iryo abagabo, kandi intwari nka Marta, Nadine Angerer na Formiga baramaze kurenza imihigo y'abagabo.
BBC World irababwira imihigo ifiswe n'abagore mu gikombe c'isi
Ahavuye isanamu, Getty Images
Marta ni we mukinyi wa mbere mu bagore amaze kwinjiza ibitego vyinshi mu bikombe vy'isi
Marta Vierra ni umunye Brezil. Ni na rurangiranwa mu mupira w'amaguru.
Ni rurangiranwa kubera ibintu vyinshi: Amaze gutorwa na FIFA incuro zitandatu zose nk'umukinyi mwiza mu bagore, ni we mukinyi wa mbere amaze kwinjiriza umugwi Wiwe nserukiragihugu ibitego vyinshi hanyuma kandi amaze gukina mu bikombe vy'isi bitanu.
Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango
Inkurikirane
End of podcast promotion
Ariko ikitazopfa cibagiwe mu bitabo vy'akahise, n'uko yatsinze ibitego 17 mu gikombe c'isi, umuhigo ata mukinyi n'umwe, yaba umugabo canke umugore, arigera ashikira.
Marta ava mu gisagara ca Dois Riachos, igisagara kiri mu buseruko bwa Brezil, yaraciyeko ivyamamare nk'umudagi Miroslav Klose, yatsinze ibitego 16 mu nkino zisi zine yakinyemwo.
Ufatiye ku mupira w'amaguru mu gihugu ciwe, ararusha Ronaldo Nazario de Lima, ashobora kuba ari umukinyi w'umupira w'amaguru agira kabiri kw'isi inyuma ya Pele, yashoboye gutsinda ibitego 15 mu nkino zitanu z'igikombe c'isi yakinyemwo.
Ni we mukinyi kandi w'umugore wa mbere amaze gutsinda ibitego mu mahiganwa atanu y'ibikombe vy'isi atandukanye, umuhigo washikanywe na Cristiano Ronaldo mu gikombe c'isi giherutse kubera mu gihugu ca Qatar mu 2022.
Marta ari ku rutonde rw'abari mu gikombe c'isi muri Australia na Nouvelle-Zelande, aho ashobora kwongereza imihigo, bizogorana ko bagenziwe b'abagabo bashikira.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Formiga n'umukinyi akomeye akina hagati
Izina rya Miraildes Maciel Mota rishobora kuba ata kintu kinini rikubwiye… ariko bavuze Formiga nk'uko bamutazira, uca umenya ko ari umukinyi w'umukobwa ateye ubwoba uharuye ivyo amaze gushikako.
Uwo munye Brezil w'imyaka 45, n'ubu agikina muri Sao Paulo iri mu cicaro ca mbere, amaze guca imihigo myinshi: Ni we mukinyi wa mbere mu bagore amaze kwinjiza igitego mu gikombe c'isi (yari afise imyaka 37 igihe yabikora) akaba n'umukinyi akuze cane yagiye mu gikombe c'isi (yari afise imyaka 41 mu Bufaransa mu 2019).
Ariko aho ni mu nkino z'igikombe c'isi mu bagore, kuko Formigo arafise uwundi muhigo udasanzwe: yakinye mu nkino z'igikombe c'isi indwi, ivyo ata mukinyi n'umwe w'umugore arakora gushika ubu.
Yari mu nkino zabereye mu Buswise mu 1995, muri Amerika mu 1999 na 2003, mu Bushinwa mu 2007, mu Budagi mu 2011, muri Canada mu 2015 hamwe no mu Bufaransa mu 2019.
Inyuma kure haza amahiganwa atanu y'igikombe c'isi y'Umudagi Birgit Prinz n'umunye Amerika Kristine Lilly.
Ariko Lilly asanzwe afise uwundi muhigo w'igikombe c'isi: Yakinye inkino 30 mu gikombe c'isi. Akurikirwa na Formiga afise 27 n'umudagi Lothar Matheus 25.
Mu bagabo, Lionel Messi, Cristiano Ronaldo, Lothar Matheus, Antonio Carbajal, Rafa Marquez na Andres Guadado bose baramaze gukina mahiganwa atanu y'ibikombe vy'isi.
N'aho Formiga atari mu mugwi witavye igikombe c'isi muri Australie na Nouvelle-Zelande, nta nkeka ko ivyo yaranguye vyanditswe n'indome z'inzahabu ku vyerekeye umupira w'amaguru.
Ahavuye isanamu, RICHARD HEATHCOTE
Megan Rapinoe n'umwe mu bakinyi b'abagore bakomeye cane
Mu gitondo c'uwa 11 ukwezi kwa Ruheshi (6), abakinyi b'umugwi nserukiragihugu wa Thaïlande bari bafise ubwoba: bari biteguriye gukina mu gikombe c'isi kigara kabiri, kandi abo bategerezwa gukina ubwa mbere wari umugwi nserukiragihugu wa Amerika.
Ico abanye Thaïlande batigeze biyumvira, n'ingene urwo rukino ruza kurangira: gutsindwa ibitego 13-0, kuva iryo higanwa ribayeho ni wo mugwi watsinzwe ibitego vyinshi.
Ariko na cane cane n'igihengeri kiri hagati y'ivyo bitsindo muri kahise k'ihiganwa ry'igikombe c'isi.
Alex Morgan yatsinze ibitego 5, Samantha Mewis na Rosel Lavelle batsinda bibiri bibiri umwe umwe, hanyuma Megan Rapinoe, Lindsey Horan, Mallory Pugh na Carli Lloyd umwe umwe yagiye atsinda igitego kimwe kimwe.
Iyo ntsinzi yaciye ica ku wundi muhigo w'abagore: ibitego 11-0 vy'Ubudagi bwatsinze Argentine mu gikombe c'isi c'abagore ca FIFA 2007 mu Bushinwa.
Izo ntsinzi zose ziri hejuru y'iya Hongrie kuri Salvador y'ibitego 10-1 mu gikombe c'isi ca 1982 muri Espagne canke ibitego 9-0 vya Yougoslavie kuri Zaïre (ubu citwa Republika ya Demokrasi ya Congo) mu gikombe c'isi co mu 1974 cabereye mu Budagi.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Nadine Angerer yiteguriye guhagarika penalite ya Marta mu rukino rwa nyuma rw'igikombe c'isi mu 2007 mu Bushinwa
Mu mupira w'amaguru, turakunze kwumva ko kuzibira neza ari ko kwinjiza. Ariko nta mumenyereza canke umukinyi yirengagiza kwishimira kuba atinjijwe n'igitego na kimwe.
Mu bisanzwe, muri kahise k'igikombe c'isi c'abagabo, nta mugwi n'umwe wigeze utahukana intsinzi utinjijwe na rimwe muri iryo higanwa.
Abavyitwayemwo neza gusumba abandi ni Ubufaransa bwo mu 1998, Ubutaliyano mu 2006 hamwe na Espagne mu 2010, aho iyo migwi yinjijwe ibitego 2 gusa mu nkino z'igikombe c'isi yatsindiye.
Ariko umugwi umwe w'abagore waratwaye igikombe c'isi utinjijwe n'igitego na kimwe:Ubudagi mu Bushinwa mu mwaka wa 2007.
Umunyegori w'uwo mugwi, Nadine Angerer, yarabigizemwo uruhara.
Ku buryo butanganje, yatanguye mw'igori kubera gusa uwari gutangura yari yakomeretse cane hasigaye imisi mike ngo ihiganwa ritangure.
Angerer yarashoboye gufasha Ubudagi ngo ntibutakaze umuhigo wo kudatsindwa igitego na kimwe aranahagarika penalite ya Marta mu rukino rwa nyuma, Ubudagi bwaciye butsinda.
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi

source

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back To Top