Menya uno mugabo yazungurutse ibihugu vyose kw’isi atinjiye mu ndege – BBC

Ahavuye isanamu, THOR PEDERSEN
Thor, ubu afise imyaka 44, yahoze akora mu gisata co kwunguruza abantu imbere yo gufata ibarabara
Woba umaze kurota uzunguruka isi uca muri buri gihugu kw’isi yose?
Abantu badashika 300 baramaze gushika kuri iyi ndoto; batatu baramaze guca mu bihugu vyose kw’isi incuro zibiri; babiri barakora uko nyene ariko ntibasubira mu bihugu vyabo.
Ariko umuntu umwe wenyene ni we amaze kubishikako adakoresheje indege, nk’uko we nyene avyandika.
"Nitwa Torbjørn C. Pedersen, iri rikaba ari izina ribi ku ngenzi. Ariko ibi ntivyanciye intege, urashobora kunyita Thor, nta ngorane”, niko uyu munya Danemark yidondora ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe Once upon a Saga .
Avuga kandi ko yatewe intege n’ikintu cigeze kuvugwa n’umuhinga wo muri Danemark Piet Hein, ati: "Ni ngombwa ko umuntu afata urugendo kugira ngo atahure ko isi ari umuzingi".
Mu myaka yababa icenda iheze, yavuye muhira azunguruka isi yose, akaba yari yihaye intego y’uko atazokwigera asubira mu gihugu ciwe atarangije urugendo rwiwe.
Ni vyo, yari yihaye amabwirizwa ngenderwako asanzwe: kumara nibura amasaha 24 muri buri gihugu kandi ko atazokwigera afata indege.
Nzozunguruka isi nciye ku butaka canke mu mazi.
"Nta modoka nzogura, nzokodesha canke nzotira kugira ngo mve mu kibanza A nje mu kibanza B kandi nta mushoferi mfise. Aha niho nzoshobora kumarana umwanya ukwiye n’abasangwa hamwe n’ingenzi, inzira iryoshe cane yo kubona isi!” niko yandika.
Vyamufashe imisi 3.512 kugira ngo azunguruke ibihugu vyose vyo kw’isi, agenda n’amaguru, n’imodoka, na gari ya moshi hamwe n’ubwato.
Mu gihe “bose” bemeza ko igitigiri c’ibihugu biri mw’ishirahamwe ONU bingana na 193 hakiyongerako bibiri vy’indorerezi, Thor avuga ko wewe yagendeye ibihugu 203 kandi ko ku rutonde rwiwe yashizeko n’ibihugu bigiteje impari.
Ahavuye isanamu, THOR PEDERSEN
Thor ategura gusubira muri Danemark mu kw'indwi inyuma y'imyaka cumi avuye mu gihugu
Uru rugendo yarutanguye isaha zine n’iminota cumi (10:10) z’igitondo ku wa 10 Gitugutu (10) 2013 akaba ico gihe yategura ko yari kururangiza mu 2018, ariko vyarangiye hiyongereyeko imyaka itanu ku yo yategekanya.
Mu kwa gatanu 2023 yashitse mu mazinga ya Maldives ari mw’ibahari Indiano, afise umunezero wo kwinjira mu gihugu gishasha ku ncuro ya nyuma…nta kindi gihugu cari gisigaye ku rutonde rwiwe.
Igihe yavugana na BBC mu kiganiro cayo Outside Source, yari akiri muri ayo mazinga, mu ryitwa Thilafushi, rizwi nk’izinga rikozwe mu mwanda.
Ni vyinshi! Kurongora ubwa mbere, kurongora ubwa kabiri.
Kwibonera ikigendajuru kirungitswe mu kirere ukamenya ko ari bwo bwa mbere ubonye ikintu utari bwabone kirungitswe mu kirere…iki cari igihe kidasanzwe!
Kwisanga mu gihuhusi uri mu bwato bukwega ikonteneri, wihweza ingene ibifi vya baleine/whales biguruka, gutumirwa mu bugeni muri Sudani…ni vyinshi cane!
Yarangendeye incuro 27 mu bice bitandukanye vy’isi hanyuma igihe cangoye hari igihe nkwamira muri Hong Kong mu kiringo c’imyaka ibiri kubera ikiza karanda ca covid.
Muri Hong Kong hari amategeko ruhasha. Aho nta bwato nashobora kwurira kandi ibihugu hafi vyose nategerezwa kugendera vyari vyugaye imbibe zavyo.
Hanyuma umugore wanje ntiyashobora kuza kundaba muri Hong Kong kubera ntitwari bwaragane kandi kubera ntari mfise uburenganzira bwo kuhaba. Rero nategerezwa kurondera ingene ndabigenza.
Narashoboye kuronka akazi hanyuma ndaronka uruhusha rwo kuhaba mu mwanya muto. Hanyuma ico gihe rero niho twashoboye kuragana duciye ku buhinga ngurukanabumenyi tubifashijwemwo n’ikompanyi yitwa Utah.
Ubu ntibwari ubugeni bwemewe muri Danemark, ariko bwari bwemewe muri Hong Kong, ibi bikaba vyari bikwiye kugira ngo ndondere ivya ngombwa hanyuma ndamurungikire viza (visa).
Rero aha yarashoboye kuza turamarana imisi yababa ijana.
Ahavuye isanamu, ONCE UPON A SAGA
Igihugu kigira ijana/Nzero (1) 2016: Guinée équatoriale cabaye igihugu camugoye, ariko vyari ngombwa ko yinjira
Guinée équatoriale. Aha nasa n’uwari yahevye. Nari mu ngorane.
Narituye ibiro vy’ubuserukizi 4, 5, 6 bitandukanye mu kugerageza kurondera visa ariko nta rupfasoni banyeretse canke ngo babure bamfate neza.
Narajabutse kandi ku ma bariyeri menshi, menshi cane, abajejwe umutekano nahasanga barankoreye ayatagira izina.
Ni ukuri nari mu bihe vy’amagume.
Vyamfashe amezi hafi ane kugira ngo ninjire muri Guinée équatoriale.
Urumva ico cari kibaye igihugu c’ijana, rero vyari ngombwa ko ninjira kugira ngo nshobore kubandanya.
Ni igihugu ciza. Igihugu ciza cane kandi n’abantu twahuye bambereye abagenzi beza, beza cane.
Nta kintu na kimwe nashobora kugura kidakwira mw’ivarisi (valise) yanje.
Mu bisanzwe, nta ma-souvenirs nagura kuko vyansaba ko ndabitekera gushika nibura mbonanye n’umugore wanje hanyuma agashobora kubitwara muhira.
Ariko aho nagiye nca hose kw’isi yose nagiye ntora udu-souvenirs tumwe tumwe kandi n’abantu barantekereye n’ama-cadeaux menshi. Burya abantu ni intugane kandi bameze neza cane.
Hanyuma kubera nserukira ishirahamwe Croid Rouge rya Danemark imbere y’abantu (Ambassadeur de bonne volonté /Goodwill ambassador), narashoboye kubonana na Croix Rouge mu bihugu vyababa 190.
Bagenda bampa ibikombe vy’icayi, rero inyuma y’ingendo cumi nkoze kuri Croix Rouge, ngenda mfise ibikombe vy’icayi 10 vya Croix Rouge.
Cane rwose.
Ntushobora kwibaza incuro nafashe ingendo z’imodoka ndende, ndende cane kandi mbi, nagira ngo ndavye mu kirere nkabona indege ngaca nibaza nti, “none ibi ndiko ndakora mu buzima ni ibiki?”
Urugendo rwanje rurerure nakoze na bisi (bus) rwamaze amasaha 54.
Sinzi ko ushobora kwibaza ingene uba wapfuye n’uburuhe inyuma y’urugendo nk’uru.
Ahavuye isanamu, ONCE UPON A SAGA
Mu kwa gatandatu 2014 yashitse mu gihugu cagira 43: Mexique, akaba yarahashimye ibintu vyinshi, ariko hejuru ya vyose, imfungurwa
Cane nyene.
Sinigeze mpura n’abantu benshi bakoze urugendo rurenza amezi atandatu canke umwaka.
Naramenye abantu bake cane bashoboye kubikora mu myaka mikeya cane, ariko ibi vyari imbonekarimwe.
Aho kandi niho nabona ko nogarukira.
Imyaka ibiri yari ikwiye: nahuye n’abantu benshi cane, ndahonja n’ubwoko bwinshi cane bw’imfungurwa zitandukanye, nahuye n’ibintu vyinshi, kuva ku kwiyunguruza, ama visa, gushika ku mpapuro za ngombwa, ibi vyose….nahuye na vyo ku buryo nabona ko hari hageze ko nsubira mu gihugu.
Ata kubesha, naripfuje gusubira muri Danemark kuva mu 2015.
Ariko nari nihaye intumbero kandi nariko ndagerageza gukora ikintu ntari bwigere nkora imbere y’aha.
Nabona ko ivyo narimwo vyari bifise agaciro kandi nari mfise icizere ko abantu bashobora kwigira no guterwa intege n’ivyo nariko ndakora.
Rero narabandanije urugamba kugira ngo nshike kw’iri hangiro.
Mu 2019 nari narushe cane mu gihe kandi ata bihugu vyinshi nari nsigaje kugendera.
Ahavuye isanamu, ONCE UPON A SAGA
Igihugu kigira 51/Mukakaro (7) 2014: Colombia. "Hano abantu baho bafise akamwenyuro kava ku mutima".
Amakompanyi yo kwunguruza abantu yambwiye ko yari kunsubiza mu gihugu mu mezi cumi ancishije mu bihugu nari nsigaje.
Ngwaho rero ikiza kiradutse, gica kiranzibira mu yindi myaka itatu.
Ubu rero nditeguye kandi mfise inyota yo gutaha.
Igihe Thor ava muhira, haraciye imyaka hafi cumi, ntiyabona neza intumbero nyayo y’uru rugendo. Ariko uko imisi yagenda, niko yagiye ayibona, kandi ntiyari imwe gusa, zari nyinshi, nk’uko abivuga ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe.
1. "Nta n’umwe yari bwigere abikora imbere y’aha
"Gukora ikintu gishasha biraryoshe cane kandi mu nyuma kiza kubera icigwa kinatere intege abatari bake”.
2. Nararonse iteka ryo gufata urugendo nk’umuserukizi wa Croix Rouge ya Danemark imbere y’abanyagihugu
"Co kimwe n’abandi hafi bose, nta bintu vyinshi nari ndariziko, ariko maze kwumva abakorerabushake mu mpande z’isi yose, vyarampimbaye cane. Ndakengurukira amamiriyoni y’abakorerabushake bakora ibintu bidasanzwe ku nyungu z’imibereho y’amamiriyoni y’abanyagihugu buri musi”.
3. Isi ntabwo iri uko hafi twese tuyibaza
"Ibinyamakuru bikuru bikuru bitwereka uruhande ruteye ubwoba (…). Dukunze kwumva vyinshi kw’iterabwoba, ruswa, intambara, ibiza vy’akaranda, impfu, amacakubiri…
"Ku gihamana ciza, nasanze ko n’ubwo isi idatunganye, abantu benshi dusangiye ino si ni abantu bafise intego nziza.
"Poritike n’idini ni ibintu bikomeye kuri bamwe. Ariko ibi bintu bitanu nasanze ari ibintu bikomeye cane gusumba: umuryango, imfungurwa, umuziki, inkino hamwe no kuvugana ivyerekeye ikirere.
"Buri gihugu kw’isi yose gifise uburenganzira bwo kubonwa nk’igishobora kuba igihugu ciza kw’isi".
Ahavuye isanamu, THOR PEDERSEN
Muri rusangi, Thor yamara muri buri gihugu imisi 17 mu rugendo rwiwe rwose; ahantu yamaze igihe gito ni muri Vaticano aho yamaze amasaha 24 gusa
4. Urashobora gutembera n’aho woba ufise amahera make
"Rimwe na rimwe womenga ni iyicarubozo kuba udafise amahera menshi. Rimwe na rimwe ndipfuza uburiri bwiza, bwiza cane, hamwe n’inyama nini y’umusoso iryoshe.
"Ariko ndahagarara kuri iki kibazo c’amahera, kuko kuri benshi, indoto zabo zirashobora guhagarara kubera ikibazo c’umwanya canke c’amahera, canke vyompi.
"Utegerezwa kurondera umwanya wawe, ariko iki gikorwa nkoze kirerekana ko atari ngombwa ko uba ufise amamiriyoni menshi kugira ngo utembere, ubone imico mishasha wongere urondere n’abagenzi bashasha”.
Ikintu nyamukuru, Thor yashatse kurahura ubwenge, mu kurondera kumenya ibitangaza biri kw’isi n’ingene hari ibintu vyinshi vyo kwiga.
Vyongeye, yarakunze umugani wagumye igihe cose umuherekeza, uvuga ngo: umunyamahanga ni incuti uba utaramenya… "Ni nde tuzohura ejo? "
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi

source

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back To Top