Abashikiranganji ba BRICS basaba ko isi itunganywa gushasha ikivana ku Burengero – BBC

Ahavuye isanamu, EPA
Kuva i bubamfu: Ma Zhaoxu, Mauro Vieira, Naledi Pandor, Sergei Lavrov na Subrahmanyam Jaishankar i Cape Town
Inama y’abashikiranganji bajejwe imigenderanire b’ibihugu bigize umurwi BRICS muri Afrika y’Epfo isaba ko isi itunganywa gushasha ikavavanura n’ibihugu vy’Uburengero.
Umushikiranganji wa Afrika y’Epfo ajejwe imigenderanire Naledi Pandor avuga ko inshingano z’uyu murwi ari ukuyobora isi yiciyemwo ibice kubera ibibazo vya poritike, ubusumbasumbane n’umutekano muke urangwa kw’isi yose.
BRICS ni impfunyapfunyo ya Brazil (Brezili), Russia (Uburusiya), India (Ubuhindi), China (Ubushinwa) na South Africa (Afrika y’Epfo).
Ibirego vy’ivyaha vyo mu ntambara Uburusiya bwagirizwa muri Ukraine vyarononye ibi biganiro.
Sentare Mpuzamakungu mpanavyaha (CPI/ICC) yarasohoye umutahe wo guhagarika Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya kubera ibi birego, kandi nk’umunywanyi w’iyi sentare, Afrika y’Epfo bizoba ngombwa ko imuhagarika ari nka hamwe yoramuka yitavye ikoraniro ry’abakuru b’ibihugu bihurikiye muri BRICS itegekanijwe mu kwezi kw’umunani i Johannesburg .
Bamwe babona ko BRICS ari umurwi uje gusubirira G7 ihurikiyemwo ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw’isi, iherutse kugira inama mu kwezi guheze mu gisagara ca Hiroshima mu Buyapani, ikaba kandi yaritabwe n’abategetsi b’Ubuhindi na Brezili. Ibihugu bigize G7 biranegura cane Uburusiya n’Ubushinwa.
Ibihugu vya BRICS vyose hamwe bifise abanyagihugu barenga imiriyaridi 3.2, ni ukuvuga hafi 40% vy’abantu bose batuye isi bababa imiriyaridi umunani.
Ku musi wa mbere w’ibiganiro vy’imisi ibiri mu gisagara ca Cape Town, umushikiranganji w’Ubuhindi ajejwe imigenderanire Subrahmanyam Jaishankar yavuze ko iyi nama itegerezwa “gutanga ubutumwa bukomeye ko isi igizwe n’impande zitandukanye, ko iriko irasubira kwitunganya, kandi ko inzira za kera zidashobora gutorera inyishu ibibazo bishasha”.
Ati: "Umuzi w’ibibazo dufise ni uko ubutunzi buri mu minwe y’akarwi gatoya bigatuma ibihugu vyinshi cane bigendera ku gushaka kw’ibihugu bike cane”.
Umushikiranganji wa Brezili ajejwe imigenderanire Mauro Vieira avuga ko BRICS ari “umugambi ngirakamaro mu gushiraho imikorere y’isi igizwe n’impande zitandukanye yerekana ivya nkenerwa ku bihugu bikiri mu nzira y’amajambere”.
Icegera c’umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire Ma Zhaoxu yavuze ko BRICS ishobora kwagurwa kugira ngo ifashe ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere n’ibihugu biriko birisununura.
Umushikiranganji w’imigenderanire w’Uburusiya Sergei Lavrov yavuze ko ibihugu “birenga cumi” harimwo Arabia Saoudite vyerekanye ko vyipfuza kwinjira muri uno murwi.
Umuzo wiwe wakiriwe n’imyiyerekano, aho abari muri yo bari bafise isanamu ya Lavrov iriko amajambo ngo "umwicanyi w’abana".
Umwe mu bari muri ino myiyerekano yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP ko bitoroshe kubona abategetsi ba Afrika y’Epfo “baramukanya n’umuntu afise uruhara muri ibi vyaha vyo mu ntambara vyakorewe abana ba Ukraine”, aha agafatira ku rubanza rwa CPI icira Putin.
Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’Epfo, ANC, usanzwe ufitaniye ubucuti bwo kuva kera n’Uburusiya, kuva kuri ca gihe c’ubutegetsi bw’inkehwa z’abazungu imbere ya 1994, kandi iki gihugu caranse kwiyamiriza igitero ca Moscou kuri Ukraine.
Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya (i bubamfu) ari kumwe na Perezida Cyril Ramaphosa wa Afrika y'Epfo mu nama mu 2019
Mu ntango z’ino ndwi, icegera c’umushikiranganji yabwiye BBC ko igihugu ciwe gitegekanya guhindura amategeko yaco kugira ngo kigire ububasha bwo gufata ingingo yo guhagarika canke kudahagarika umutegetsi aronderwa na CPI.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Dr Pandor yabajijwe n’umunyamakuru wa BBC Andrew Harding nimba Perezida Putin ashobora kuzohagarikwa mu gihe yokwitaba inama yo mu kwezi kw’umunani.
Yishuye ati: "Umukuru w’igihugu [Cyril Ramaphosa] ni we azotanga inyishu yanyuma y’aho Afrika y’Epfo ihagaze”.
Umutegetsi wo hejuru yavuze ko iki kibazo ari akaga kabi mu bijanye n’imigenderanire Afrika y’Epfo iriko iragerageza kuraba ingene yokikuramwo, kandi ko inzira imwe ivugwa ko iriko irihweza ari uko inama yimurirwa mu kindi gihugu.
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi

source

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back To Top