Ubuhinga bwo mu ntambara ya mbere y’isi yose bufasha Ukraine kwinyegeza Russia – BBC

Vlad avuga ko iyi terefone yo kuzungurutsa ari bwo buhinga bwiza bw'itumatumanako
Mu gihe Ukraine iriko yitegurira igitero rurangiza, ntibiyorohera guhisha ingabo z’Uburusiya ibikorwa vy’ukwegeranya abarwanyi bayo. Nico gituma Ukraine ari ngombwa ko ikora kugira ngo yinyegeze umwansi.
Mu mwobo uri ku rwasiro rwo mu buseruko, umurwi w’abasirikare ba Ukraine bakoresha vya muzinga urazi neza ko Abarusiya batariko babahiga gusa bakoresheje indege zitagira abadereva – bariko babahiga kandi bakoresheje ubuhinga bwa none kugira ngo babone neza na neza aho ikirindiro cabo kiri.
Abasirikare ba Ukraine bo muri Brigade ya 28 bashobora kuba bafise ubuhinga bwa none bwo muri kino kinjana ca 21 – ibigendajuru na terefone ngendanwa – mu guhanahana amakuru no kubona neza aho umwansi aherereye. Ariko kandi bafise n’imashini yo mu bihe vya kera.
Imashini ya kera yari ifise ikibanza kidasanzwe mu ntambara yo mu myobo mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose: iyi ni ya terefone yo kuzungurutsa.
Igihe cose bagomvye kurekura igisasu ca muzinga, Vlad n’abarwanyi biwe babanza gufata terefone yabo yo ku rugamba.
Vlad yakiriye intsinga zifatanya n’iyindi myobo iri mu micungararo. Avuga ko ubu ari bwo buryo bwiza bwo kuvugana, kandi ko bidashoboka ko “bumviriza ivyo muvugana”.
Avuga ko ubuhinga bwa elektroniki Abarusiya bakoresha mu ntambara bushobora gufata ibiyago bica ku materefone ngendanwa n’amaradiyo yo gutumatumanako, ariko, yerekana terefone ya kera yo ku rugamba, Vlad avuga ati: "Ubu buhinga ni ubwa kera cane – ariko bukora neza cane”.
Gushika ubu, ingabo z’Uburusiya zavyitwayemwo nabi kandi zaratakaje cane, ariko buracafise ubuhinga bw’intambara bwa none bwa elektroniki – ubuhinga butaboneka bwo guhiga umwansi no gufata canke kuzibira ihanahana ry’amakuru.
Ku birindiro vy’abasirikare b’Uburusiya, ingabo za Ukraine ntizizokworoherwa kandi ibitero vyazo bishobora kuzozibera akaga.
Ama-radar y’Uburusiya yo mu bwoko bwa Zoopark ashobora kubona neza aho umwansi ariko ararasira.
Imodoka zabo zo mu bwoko bwa Zhitel zishobora kubona, guhiga no kuzibira imihora y’amaradiyo yo gutumatumanako, mu gihe izo mu bwoko bwa Borisoglebsk-2 nazo zishobora gusambura imihora yo gutumatumanako y’ibigendajuru, nk’ikizwi nka GPS.
Ubuhinga bwa elektroniki Uburusiya buriko bukoresha mu ntambara ntiburiko burorohereza kandi ingabo zikoresha amadrone – ibikoresho kirumara mu kubona neza ingene urwasiro rumeze.
Mu kandi karere ku rwasiro rw’ubuseruko nyene, Oleksii n’ingabo ziwe zo muri Brigade ya 59 zikoresha amadrone zinyegeje mu kizu cabomotse kugira zirekura utudrone dutoya tw’Ubushinwa kugira ngo zishobore kubona ibirindiro vy’Abarusiya.
Mu ntango z’intambara, Ukraine yasa n’iyimenyereye kuzikoresha. Ariko Oleksii avuga ko ubu “ikirere cuzuye amadrone”. Avuga ko Abarusiya, na bonyene bakoresha ubuhinga nk’ubu, ariko ko bobo bafise vyinshi gusumba. Naho yemeza ko ata kinini bibabwiye.
Oleksii avuga ko amaze gutakaza utu-drone tw’Ubushinwa dutanu kandi ko na Brigade yiwe "ishobora gutakaza drone zine canke zitanu ku musi”.
Avuga kandi ko umwansi afise ibirindiro vy’itumatumanako n’ivyo gusambura amadrone bishobora “gusambura no kuzibira itumatumanako” mu gusambura amadrone yabo.
Ariko yongerako y’uko ikoreshejwe neza, drone ntoya nk’iyo mu bwoko bwa Mavic ishobora kumara "hagati y’indwi zibiri na zitanu”.
Bagerageza uko bashoboye kwose kwinyegeza – bakoresheje ubuhinga bwo guhinyika inzandiko (cryptage/encryption) hamwe no kwerekana ikibanza kitari co.
Drone ariko aratembereza hejuru y’imyobo y’Abarusiya ikoresha ubuhinga bwa VPN buyerekana ko iri muri Australia, ibi bigasigura ko ica iboneka ko iri hejuru y’uwundi mugabane mu bumanuko bw’isi. Ariko avuga ko aya mayeri atama akora.
Ingabo za Ukraine ziri ku rwasiro rw'ubuseruko zirazi neza ubushobozi bw'Uburusiya bwo guca canke kuzibira itumatumanako
Ku rundi ruhande, utwigoro twa Ukraine two gukorora amadrone y’Uburusiya dushobora kuba ataco dushikako nk’uko twabibonye ku kindi kirindiro.
Ingabo za Ukraine zarabishije inkoho kuri drone igendera kure cane mu kirere.
Ni iyo mu bwoko bwa Orlan – drone ndende y’Uburusiya ishobora kuneka canke igafata amajwi y’ihanahana ry’amakuru. Ico gihe, yariko iraneka ibirindiro vya Ukraine biri mu micungararo kugira ngo babitere amabombe.
Twagiye twumva ibisasu biriko birahurira imbere y’uko tubona n’umwotsi kure y’aho twari turi.
Ingabo za Ukraine zari hafi zaciye zisubiza mu kurekura urubura rw’amasasu mu kirere, n’inkoho zabo za rutura. Ariko iyi drone y’Uburusiya yari kure cane ku buryo itashobora gushikirwa n’amasasu.
Ku kirindiro ca hafi y’aho, Bohdan wo muri Brigade ya 10 ya Ukraine, arababazwa n’uko ata birenze aho bashobora gukora.
Avuga ko amadrone y’Uburusiya aguruka “buri musi, buri saha, buri segonda. Barafise uburyo bukwiye. Turarwana nazo ariko si neza canke nk’uko twavyipfuza”.
Hagati aho, ikiyo kinini inyuma yiwe cerekana ko Ukraine nayo nyene ishobora gukora nk’uko nyene – n’ubwo ubu babona ko amadrone ari ayo guherera mu ntambara.
Twaravye videwo y’ikibiriraho itanzwe na drone ya Ukraine yariko ica hejuru y’imyobo yari hafi. Uburusiya bufise kuba bufise uburyo bwa elektroniki n’amadrone bisumbirije – ibi bikazotuma Ukraine itoroherwa mu gitero rurangiza citezwe.
Ariko Uburusiya ntiburashobora kwigarurira ikirere, canke gutsinda Ukraine.
© 2023 BBC. BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga. Soma ibijanye n'aho duhagaze ku mihora ijana ahandi

source

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Back To Top